Millet, anacardier, macadamia, ni bimwe mu biterwa bishasha biriko biratezwa imbere mu Burundi. Mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bumenyesha ko ari mu ntumbero yo kurwiza ibiterwa njabukamazi vyiyongera kw’ikawa, icayi, ipampa, bikazofasha ababirima kwiteza imbere no kuzana amafaranga y’agaciro mu gihugu. Kuri uyu wa 23 kigarama2021, igihe ubushikiranganji bwariko burashikiriza ivyo bwaranguye mu mezi atandatu aheze bwarerekanye intambwe bumaze gushikako mu ntumbero yo kurwiza ivyo biterwa.
Millet
Millet ni igiterwa gishasha kimeze nk’uburo kiriko kiratezwa imbere mu Burundi. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo guide Rurema amenyesha ko ari igiterwa gifise akamaro kanini kuko kirimwo ivya nkenerwa vyinshi mubijanye n’infunguro. Amenyesha ko ari igiterwa kizimvye kuko ikiro kimwe kitari munsi y’amadorare atanu. Agasabako muri vya bigo bijejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara (DPAE) botegekanya n’imiburiburi amahegitari abiri yo kugwizirizamwo ico giterwa kugirango n’abenegihugu bazobonereho kucijukira.
Anacardier na Macadamia
Igiterwa ca Milet kije ciyongera ku bindi bishasha nka, anacardier na macadamia bimaze igihe biriko birarimwa. Mugihe hari inkuru zivuga ko abarimyi ba anacardier bariko barabura isoko, umushikiranganji w’uburimyi Deo Guide Rurema amenyesha ko atakibazo kihari. Asaba abarimyi bavyo kubikorera mu makoperative kugira ngo boroherwe.
Amenyesha ko abagize koperative irima igiterwa ca Anacardier bamaze kurungikwa muri Kenya no mu Buganda kugira bahumure amaso birabire uko ahandi giteye imbere n’ingene bagikora. Hakaba hasigaye ko bagiranira amasezerano ingene mu Burundi bazorwiza umwimbu akabizeza ko amasoko azoboneka.
Mu ntumbero yo kurwiza ivyo biterwa bishasha, mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko mukiringo c’amezi atandatu aheze, hashoboye guterwa imivyaro igera ku 12.000 ya anacardier, 5000 vya macadamia, itoni 1.8 y’imbuto ya millet zikaba zimaze kuboneka.
Déo Guide Rurema agasaba abarundi kwijukira ivyo biterwa kugira ntibagume gusa ku bigori, ku biharage, ikawa, icayi ariko baboneko hariho n’ibindi biterwa bishobora gufasha abenegihugu mu kwiteza imbere no kuzana amafaranga y’agaciro mu gihe bisanzwe bigurwa n’amafaranga atari make.