Hari umwizero ko igiterwa c’amateke kigiye gusubira kuboneka
Hari ibitegwa vyazimanganye canke biri mu nzira yo kuzimangana mu bice bitari bike vy’igihugu .Ivyo biterwa ni nk’amateke yatewe n’indwara , ubwoko bumwe bumwe bw’imyumbati , igitoke catewe na Ruhonyabitoke,….ari navyo biri mu bitegwa mbumbarugo bifungurwa cane mu miryango y’abarundi bigiye gusubira kuboneka.
Nk’uko bivugwa na Alain Gilbert Irakoze aserukira ishirahamwe FAO mu Burundi, hari ibikorwa vy’ubushakashatsi biriko birakorwa na FAO rifadikanije n’ibigo nka ISABU na ITA kugira hagwizwe imbuto z’ivyo bitegwa basubire kubiha abanyagihugu nabo basubire kubirima ku mitumba.
Ivyegeranyo mpuzamakungu ku vyerekeye ugufungura nabi biza biraja ahabona ngo bifise intumbero yo kwibutsa abarongoye ibihugu n’amareta ngo babone aho bakwiye kwongereza inguvu muri ico gisata co gufungura neza. Bimenyeshwa na Dagmawi HABTE Sélassié, umuyobozi w’ishirahamwe FIDA mu Burundi.
Kubw’uwuserukira ibisata vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikorera mu Burundi, avuga ko igituma bakoreraho ni kugira bunganire igihugu mu kwiteza imbere biciye mu migambi reta ishira imbere.
Ivyo vyose bikaba vyamenyeshejwe ku muhingamo w’uno wa kabiri igenekerezo rya 25 Rusama 2022 mu kiganiro ayo mashirahamwe mpuzamakungu :Unicef ,Fida na PAM yahaye abamenyeshamakur ku bijanye no gufungura neza i Bujumbura ku kigo kijejwe kumenyeshamakuru c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.