Ni gute Niyonkuru Alain Justin yatanguranye imashini imwe gushika ku kigo cigisha imyuga?
Niyonkuru Alain Justin yaratanguje ikigo cigisha imyuga Centre Artistique de Gitega kiri i Nyabututsi mu ntara ya Gitega. Akaba ari mu ntumbero yo gufasha abanyeshure baba biteguriye kuja mu buzima busanzwe no kurondera akazi. Ico kigo kirafasha kandi n’abandi bose bipfuza gukarihirizwa ubumenyi buzobafasha kwibeshaho. Akabirya kico kigo ni uko gitanga izo nyigisho zose kubuntu.
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 rusama 2022, ico kigo Centre Artistique de Gitega caronkeje Impapuro z’iteka k’ubanyeshure bahakoreye imyimenyerezo iheraheza amashure y’isumbuye ( Stage de fin d’études ). Uwo murwi ukaba wagira kane mu baronkejwe urwo rupapuro rw’iteka (4è Promotion).
Niyonkuru Alain Justin ayoboye ikigo Centre Artistique de Gitega ari nawe yagishinze avugako ivyo yama abifasha abanyeshure canke abandi bahakoreye imyimenyerezo iheraheza amashure na rirya ubuzi bwa Reta usanga bugoye kuronka. Ico kigo ngo nticakira abaciye mu mashure gusa. Niyonkuru Alain Justin avuga ko n’abandi baba bipfuza kumenya ibitari bike nko gukoresha imashini nyabwonko n’iyindi myuga y’utugenegene. Arabaronsa ubumenyi ndetse nabo akabaha impapuro z’iteka zibafasha iyo hageze kurondera akazi ahatandukanye.
“ Izo nyigisho ndetse n’izo mpapuro z’iteka tuzitanga ku buntu kuri abo baba bipfuza kumenya gukoresha imashini nyabwonko kandi bakwije amasaha 20 biga. Ivyo navyo bigafasha na komine mu bikorwa vy’iterambere”, niko Niyonkuru A.Justin avuga
Alain Justin Yigishije kw’ishure ry’imyuga n’utugenegene Ryisumbuye rya Gitega ( École Technique Secondaire d’Art de Gitega : ETSA dee Gitega) kuva mumwaka wa 2010 gushika mumwaka wa 2020. Mu mumwaka wa 2018 niho yatangura kubona ko bidahagije gusa kuba ariko arigisha. Niko guca agura imashini nyabwonko imwe abona gutanguza ico kigo mu mwaka wa 2020.
“Nahisemwo gukora kugiti canje bwite kuko nabona ko ivyanje ntariko ndbikurikirana neza kandi arivyo nabonamwo akarusho gusumba gukorera Reta kuko umushahara naronswa utari uhagije.”
Nyuma y’ugukora kugiti ciwe bwite ubu akaba amaze kugura imashini nyabwonko 11, Imboneshakure bigishirizako (Écran de Projection), imashini isohora impapuro ndetse akaba yiteze n’ibindi bikoresho azohabwa n’ishirahamwe PASACC mugihe yatanguranye imashini nyabwonko imwe gusa.
Kwikorera ivyiwe vyamumariye iki?
Alain Justin avugako gukora kugisata ciwe bwite vyamuzaniye akunguko kuko ngo yaciye aboneraho kuja munyigisho Mpuzamakungu mubindi bihugu akabona abandi uko bakora ibikorwa mvabwenge abenshi bita ibikorwa vy’utugenegene.
Alain Justin Niyonkuru hambavu y’ukwigisha abo baba bashaka kwiga imashini nyabwonko ngo arakora n’ibikorwa mva bwenge nko kujisha, kubumba, gushushanya buri kintu cose ivyo navyo bikamuzanira amafaranga. Ndetse ngo aramaze no kuronsa akazi abandi batandatu 6 inyuma y’ugutangura gukora kugiti ciwe.
Alain Justin arangiza ahanura abandi ko gukora akazi ka Reta atari bibi ariko mugihe babona ko hari iyindi migambi boshobora gukora ngo ni vyiza gufata ingingo bagakora iyo migambi kugira kirya kibanza barimwo kijemwo uwundi atari bwaronke akazi hama iyo migambi yiwe nayo ayikore neza kugira aronse akazi abandi mbere atange n’amatagisi kugira igihugu n’abenegihugu batere imbere.
Yanditswe na Octavie Ngabireyimana