Burundi: imiriyoni zirenga 250 z’amafaranga y’Amarundi zoba zaranyurujwe muri ANACOOP
Bamwe mu bakozi b’ikigo kijejwe gukurikirana uko amakoperative akora mu Burundi (ANACOOP) baragirizwa kuba baranyuruje amafaranga arenga imiriyoni amajana abiri na mirongo itanu z’Amarundi. Ayo mafaranga yari agenewe gukarihiriza ubwenge abarimyi b’imiceri hamwe na bamwe mu baserukira amakoperative ku mitumba yose. Uwurongoye ico kigo, yemeza ko hari amatohoza ariko araba.
Amafaranga arenga imiriyoni amajana abiri na mirongo itanu (250 000 000 Frbu) z’Amarundi ni yo yoba yaranyurujwe n’urwego rujejwe gukurikirana uko amakoperative akora mu Burundi, ANACOOP. Ivyo, bikaba vyabaye mu kwezi kwa ntwarante, uwu mwaka turimwo.
Umuce wa mbere w’ayo mafaranga yari yatswe mu kigega ca Reta n’urwo rwego kugira ngo akore mu gukarihiriza ubwenge abarimyi b’imiceri bo mu ntara cumi na zine mu zigize Uburundi. Uwundi muce w’amafaranga wategerezwa gukora mu gukarihiriza ubwenge batatu mu baserukira amakoperative yo ku mitumba yose igize Uburundi.
Amakenga ni yose ku babaye muri izo nyigisho. Bagira bati “twari twandikiwe ibihumbi cumi na bibiri mu mafaranga y’Amarundi, ariko ntibaturengeje ibihumbi bitanu gusa. Hategerezwa kwitaba abantu batatu, babiri ni bo bitavye“.
Bafise amakenga ko ayo mafaranga yoba yaranyurujwe.
Ayo makenga barayasangiye na bamwe mu bakozi bo mu kigo ANACOOP. Basigura bati “imisi twakoze si yo yari yanditswe. Twasinya imisi ine, ariko bitegekanijwe ko dukora imisi itandatu canke indwi, kandi amafaranga y’iyo misi yarasohotse”.
Bongerako bati ” Ni na ko vyari vyifashe kuri societé yatanze amamodokari, yitwa Jambo Tours Agency Burundi. Facture batanze iy’imiriyoni cumi n’indwi (17 000 000), mu gihe hari hategekanijwe ayababa imiriyoni cumi (10 000 000)“
Yose hamwe, ayo mafaranga arenga imiriyoni iyo migwi yose ikikeka ko ashobora kuba yaranyurujwe.
Amakuru ava muri bamwe mu bakozi ba ANACOOP, avuga ko inyuma y’inyuruzwa ry’ayo mafaranga, beshi baciye bahindurirwa ubuzi kugira ngo ntibazohave bashira ahabona ivyabaye.
Ku mitumba yose igize igihugu c’Uburundi, hari umuntu wo muri cooperative yategerezwa kwitaba inyigisho ariko yakuwe ku rutonde (ayo ni ibihumbi cumi na bibiri yari anyurujwe), hakaba kandi n’ayandi mafaranga ibihumbi indwi yakaswe abo babiri (ibihumbi 14 yanyurujwe).
Mu gihe amafaranga agenewe ivyo bikorwa bibiri yasohokeye rimwe (kugira ngo abakozi ba ANACOOP ntibabice n’ikanda), basaba inzego zibijejwe ko zokurikirana ubwo butunzi bw’igihugu bukagarukanwa mu kigega ca Reta.
Umuyobozi mukuru w’ikigo ANACOOP ntavyemeza canke ngo abihakane
Evrard NDAYIKEJE, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gukurikirana uko amakoperative akora mu Burundi ANACOOP asa n’uwemeza ko azi ibijanye n’inyuruzwa ry’ayo mafaranga.
Ariko, uwo muyobozi ntiyemeza canke ngo ahakane ko ayo mafaranga yanyurujwe. Ico yemeza, ni uko hari amatohoza ariko arakorwa kugira ngo ukuri kumenyekane.
Evrard Ndayikeje aremeza kandi ko yahinduye abarongoye ubuzi muri ico kigo. Mugihe bivugwako yabahinduye kugira ngo ntihagire abazovuga ivyabaye, wewe asigura ko yabahinduye aravye “ivyo umwe wese ashoboye“. Ariko, abo barongoye “ama services” aremeza ko bahinduwe, haraheze indwi zibiri. Agasigura ko bahinduriwe amabanga kugira ngo ibikorwa bigende neza muri ico kigo.
Igikorwa co gukarihiriza ubwenge abarimyi b’umuceri bo mu ntara 14 zigize Uburundi, hamwe n’ugukarihiriza ubwenge abaserukira amakoperative ku mitumba yose igize igihugu, vyakozwe mu kwezi kwa ntwarante 2022.