Igisagara ca Bujumbura kirabangamiwe n’ibihomoka: abahinga bavuga iki?

Imisozi n’amakaritiye bihanamiye igisagara ca Bujumbura birabangamiwe n’ibimanga bibomagurika bigahitana amazu yabo. Uduce tubangamiwe cane akaba ari Kamesa,Gasekebuye, Sororezo-Mugoboka, na Gikungu Rural. Abasanzwe baba muri utwo duce bagatabaza basaba gufashwa mbere bibaye ngombwa bimurwe bakurwe muri utwo duce kuko bageramiwe. Ivyo babivuze igenekerezo rya 25 ntwarante, mugihe abamenyeshamakuru bakorera mugisata co gukinga ibiza n’isibe bari baramutse bagendera ivyo bibanza kugira birabire uko vyifashe.
Amazu yababa 150, imirima itari mike, ivyamwa n’ibindi ni bimwe mu bimaze guhitanwa n’ikimanga co muri karitiye Kamesa, yo muri zone Musaga, komine Muha nkuko vyemezwa na Didier Ndizeye arongoye iyo karitiye.
Igirukwishaka Emmanuel, ikimanga co mu Kamesa kigeze kugwinjiriro y’inzu yiwe agira ati: Mfise ubwoba bwinshi kuko n’iyo imvura iguye, umuntu arara ahagaze ntibuca.
Ndayisenga Anitha, ni nyumbakumi muri karitiye Gasekebuye 1, nawe yemeza ko ikimanga co kuruzi Mpimba kibabangamiye, inzu 4 zikaba zimaze kubomoka izindi nazo zikaba zigeramiwe.
Nyandwi Zacharie nawe wo mu Gikungu Rural,aba hafi y’igihomoka co kumugezi Nyenzari. Avuga ko imihana irenga 100 imaze guhitanwa n’ico gihomoka. Avuga ko bugarijwe n’ubwoba ko nabo umwanya n’umwanya bashobora gushikirwa.

Abo bose basaba Reta kuraba icokorwa mbere bamwe bakabona ko bobaronderera ahandi hantu hateze kuko batoguma muri ivyo bihomoka.Abamaze kwimurwa n’ivyo bihomoka nabo basaba ubafasha kugira baronke aho bakika umusaya nk’abandi barundi.
None ivyo bihomoka vyoba biterwa n’iki?
Abo banyagihugu twaganiriye, bavuga ko badatahura ico ivyo bimanga bivako. Nkunzimana Athanase, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi akaba n’umushakashatsi mu bijanye n’ihindagurika ry’ibihe arasigura imvo nyamukuru zibitera.
Uwo muhinga amenyesha ko imvo nyamukuru zibitera ari 3.
Imvo yambere ni ingene isi y’aho hantu imeze.
“Aka karere kose ko muburaruko bw’igisagara cane cane imisozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura kagizwe n’imitumba ihanamye kandi idakomeye.”, niko avuga.
Icakabiri ngo ni abantu bahaba, biyongera cane kandi bakubaka badakurikije amategeko akingira ibidukikije. Yamazi ava kumazu agenda yicira inzira yongera anyiririka kuri ya si idakomeye ariho havamwo imvovo zito zito zigenda zikura buke buke gushika aho ihinduka ibimanga bitangaje.
Ica gatatu ni ihindagurika ry’ibihe. Muri ino minsi haragwa imvura nyinshi kurugero rudasanzwe. Hari n’igihe yimanika ikamara igihe itagwa. Ivyo bituma ya si yata imigaga mito mito. Imvura rero imaze kugwa kuri yasi idakomeye bituma amazi aca utuvovo dutoduto aritwo duheza tukavamwo ibimanga binini. Imvura imaze kuba nyinshi, igasanga abantu barubatse mukajagari bakongera bakarima batayikingiye, bituma isi igira ubuhuhe budasanzwe.”
Ugusamara kw’abantu, iyindi ntambamyi ikomeye
Uwo muhinga yongera ko hari ikindi kiva gusamara kw’abantu. Avuga ko hari ahantu haba hamaze kwibonekeza ivyo bihomoka ariko abantu bakabandanya bubaka canke barima. Iyo nyifato y’abantu nayo ngo iri mu bindi bituma imitumba ubuhuhe bwiyongera kubera ko n’abantu bataragira inyifato yo gukinga.
“Baracabona umenga isi y’uno munsi n’ico kimwe n’i yakera bakibagira ko ibintu vyahindutse maze nabo bajane n’ibihe nacane cane mukugira inyifato yo gukinga canke kwirinda. Tuza kwiyumvira kwirinda kabaye.”, Niko avuga.
Ingaruka mbi n’izihe?
Uwo muhinga avuga ko uruhombo ari runini cane.
Agira ati ” Uruhombo ni runini kuko amazu y’abantu atari make aramaze kubomoka. Mukaba muzi ko abarundi kenshi kugira bubake babanza gusaba akadeni. Muca mwumva ko abantu n’amabanki bahahombera. Hariho n’inyubako rusangi nk’amabarabara, amashure, amavuriro n’ibindi bishobora kubangamirwa.
Kubidukikije navyo birabangamirwa. Amazi ntagira aho aca. Uravye cane cane muri aya makaritiye ahanamiye igisagara ca Bujumbura nka Nkega Busoro, Kamesa, Gikoto, Gitaramuka, Sororezo , Mugoboka, Gikungu-Rural, ayo yose ari hajuru y’igisagara ca Bujumbura, Nta ntunganyo yo kwegeranya amazi y’imvura canke y’imicafu ihari. Muca mwumva ko iyo micafu yose ica igenda guhuhanya amazi agenda mu kiyaga ca Tanganyika.”
Hokorwa iki kubihomoka bimaze kwibonekeza ?
Ivyokorwa ni vyinshi nk’uko Nkunzimana avivuga.
“Ubwambere nohera ku benegihugu bo bisinzikaza.Icambere bomenya kwirinda. Bakamenya ko aka gace gahanamiye igisagara ca Bujumbura ari agace gasanzwe kageramiwe n’ibihomoka, bakagabanya umurindi wo kuhubaka. Ahantu hose babona hahanamye bahabangire ibikorwa vyo kurima no kwubaka. Ahantu babona hagiyangura imvovo, bace bihutira gutera ivyatsi bifata isi (nk’isuna, n’imigano).
Reta/ abaturongoye nabo bokwikangura bakaja kukivi kuko ubiravye aya makaritiye n’imitumba ihanamiye Bujumbura yubatswe mu kajagari tubona, mugabo ingaruka zimaze kuba ni nyinshi kandi zigoye no gukinga.”
Kubw’uwo muhinga ngo bisaba ko haboneka abarongozi baja imbere vyukuri bakabuza ko abenegihugu bubaka canke barima ahantu hose hibonekeza imvovo, ibihomoka canke imigaga. Bakongera bagafasha gukinga aho bigishoboka.
Avuga kandi ko bashobora gukora ibikorwa vyo kwubaka ahatarasinzikara ariko kandi n’ibikorwa kama nko gutera imisuna, imigano, imbingo, imisigati bigakorwa.
Reta rero ngo yofasha mu guhimiriza abenegihugu ariko igashiramwo n’uburyo.
Yofasha mu gukurikiza y’amategeko akingira ibidukikije, akingira amazi, amategeko yerekana inyubako zibereye mu gisagara kuko arahari.
Abandi bofasha ngo ni ibimenyeshamakuru. Navyo ngo bikwiye gufasha mu guhimiriza kugirango abenegihugu bahindure inyifato, bumve ko akakarere kabangamiwe hanyuma bagwize ibiganiro vy’inyifato ibereye abenegihugu bogira kugira ngo bahangane n’ibi biza n’isibe.