Menya ingeso yo gusegesha abana n’ingaruka mbi zayo.

APSM

Ingeso yo gusegesha abana iribonekeza canecane mu gisagara ca Bujumbura. Naho tumenyereye ko abana bo mw’ibarabara ari abatagira aho baba, hariho n’abandi baza gusega barungitswe n’imiryango yabo mbere bakaba babigize nk’umwuga. Iyo ngeso si agaseseshwarumuri nk’uko vyemezwa n’ishirahamwe ry’abize ivy’inyifato APSM -Mpagaciro.  Ingaruka zayo ni nyinshi cane haba kuri abo abo bana, ku miryango no ku gihugu. Muri APSM babona ko iyo ngeso ikwiye guhagurukirwa bikwiye.

Utembereye hagati mu gisagara ca Bujumbura, ni gake worengana imetero 50 udatambutse ku murwi w’abana bayerera mwibarabara bagenda barasega.  Yohani* , afise imyaka umunani, twamusanze hafi y’iduka T2000. Asega uwurenganye wese ngo amuhe n’ijana agure agatumbura. Tumubajije aho aba, yatubwiye ko asanzwe aba ku Kamabuye, hejuru y’ i Sororezo. Yabwiye La Nova ko amahera aronka aca ayashikiriza nyina wiwe kugira ngo ayaguremwo ivyo bafungura.

Mbega iyongeso yoba iva kuki?

Kwizera Noël, umuhinga mu bijanye n’inyifato akaba aserukira APSM-Mpagaciro

Kubwa Noël Kwizera arongoye APSM-Mpagaciro, abona ko intandaro ya vyose ari ubukene. Icakabiri ni akamenyero. “Iyo babonye baronse amafaranga bagura utwo gufungura ku munsi ku munsi kandi bayaronse vyoroshe, baba bumva ko aribwo buzima”.  Kindi ca gatatu ni ukutamenya kuko abavyeyi batibigera bamenya ko ivyo bintu bizogira ingaruka mbi muri kazoza. Ica kane ngo biva ku ngorane ziri hagati y’imiryango aho usanga abavyeyi badahuza canke baravanye umwe abonye atari bushobore kubarera wenyene agahitamwo kuja kubasegesha. Ikindi iyo ngeso ivako abona ko bishobora gutumwa nuko usanga ata poritike nziza ihari yo gukurikirana abo bantu bajana gusegesha abana muri ayo mabarabara.

Ingaruka mbi ni izihe?

Ingaruka zo gusegesha abana ngo ni nyinshi cane nkuko uwo muhinga abandanya abivuga.      “Ingaruka zambere ziboneka kumwana ubwiwe. Ubwambere ntaba akija kw’ishure. Hanyuma ntaba akigira imbono (Vision) muri kazoza aba afise. Ntaronka akanya ko kwiyumvira no kumenya ingabire yiwe yoba afise kugira izomufashe kugira kazoza keza. Aba  abona ko gusega arivyo vyotuma abaho. » 

Ingorane si izo gusa. Kubera bahahurira n’abandi  barahava bakahigira ingeso mbi nko , kunywa ibiyayuramutwe, ubusuma, n’ibindi.  Kubera ko baba bakuriye muri ubwo buzima, amajambo  mabi bagenda barabwirwa nayo unngo arashobora kubagirako ingaruka mbi aho bashobora gukura babona ko ataco bamaze, bagakurana umutima mubi, ataco batinya.

Ku miryango  yaho nyene izo nfaruka ntizibura, Noël  avuga ko umwana yakuriye mu buzima bwo gusega  ataco aheza ngo amarire umuryango. Nawe nyene abona ko ataco  umumariye kuko ataco wamufashije. «  Ikindi ni uko iyo hagize ikibazo kiba kivuye kuri za ngeso mbi nk’ubusuma, ingaruka zija ku muryango kuko ari bo bategerezwa kuriha ivyononekaye ».

Iyo ngeso kandi ngo irashobora gutuma umwana agira ihunganaba  ryo mumutwe Kwizera Noël avyemeza. « Birunvikana ko uwo mwana akurana ihungabana ridasanzwe. Kuko iyo atanguye kugira ivyiyumviro bibi bivuye ku majambo yakuze yumva, bituma  nawe nyene yumva ko ataco ashoboye, kugira i mbono bikanka kuko nawenyene yikengera. » 

Uwo muhinga mu bijanye n’inyifato, arangiza atanga zimwe munyishu zotorerwa ico kibazo.   Avuga ko hakwiye kubaho inyigisho cane cane ku bavyeyi kugirango bamenye izo ngaruka mbi zoshikira abo bana mugihe babashize muri ubwo buzima. Abona ko hari hakwiye ko hojaho  umurwi ujejwe gukurikirana ivyo bibazo kuko abo bana barwa mu ngorane batazi bakazogera kuzisangamwo bakuze ataco bacishoboje..

« Abavyeyi nabo bakwiye kwigishwa ivyo gutandukanya imvyaro no kuvyara abo bashoboye kurera. Mukibano naho, abantu bose bakwiye kumenya ko umwana atari uwumwe, bakamenya ko umwana ari mw’ibarabara akwiye kwitabwaho, no kwumvirizwa.» Naho abenshi tubafata nk’abahebwe, siko vyari bikwiye. Ahuwo ngo bakwiye guhabwa umwanya ukwiye wo kwitabwaho n’abavyeyi hamwe n’ababanyi gutyo ingorane igatorerwa umuti amazi atararenga inkombe.