Muramvya na Mwaro, intara zasinzikajwe cane n’urwimo rwo mu 1972

Ukuri ku mabi yahekuye Uburundi, niko kuzoha abarundi ukwidegemvya. Ubwo nibwo butumwa bwatanzwe  mu ntara za Muramvya na Mwaro. Ni mu gihe umurwi   ujejwe kumenya ukuri nokunywanisha abarundi CVR  warusanzwe usozera vy’imfatakibanza ibikorwa   warumazemwo indwi zitatu. Ibirori vyo gusozera  ivyo bikorwa  vyabereye kumusozi Rwasazi  kuri uyu wa 24 Nyakanga  2021 mu ntara ya Muramvya hamwe n’i Gitara muri komine Gisozi  kuwa 25 nyakanga mu ntara ya Mwaro.

Izo ntara uko ari zibiri, zirafse ico zihuriyeko. Mu 1972, zose zatwarwa muri Muramvya, mwaro ikaba yari arrondissement ikukira Muramvya. Izo ntara zose zikaba zarakozweko cane  n’urwimo rwo mu 1972 nkuko vyemezwa na CVR. Muri izo ndwi zitatu, Ibisigarira vy’abantu bishwe mu rwimo rwo mu 1972 birenga igihumbi, nivyo vyatowe mu ntara ya Muramvya mu binogo birenga cumi. Mu ntara ya mwaro, Ibisigarira bigera ku 1098 nivyo vyatowe mu binogo 18.

Mbega muri Mwaro mu 1972 habaye iki?

Intara ya Mwaro yari arrondissement ikukira Intara ya Muramvya. Abagize umurwi CVR muvyo batohoje, ngo urwimo rugitangura kuva igenekerezo rya 29 Ndamukiza 1972 ngo hari itangazo ryasomwe mw’isengero ryavuga riti: ” Uwizeye Ntare nazeruke”. Ico gihe, abanyagihugu baciye basabwa guteramira amahoro, gutegera ba Murere hokoreshejwe amabariyeri no gufata abahutu bose bafise ico basumbije abandi hakoreshejwe abajereri (JRR).

Mu rwimo rwo mu 1972, Mwaro yarakomeretse cane. Abahutu benshi ngo barishwe cane cane muri Gisozi, Bisoro,na Rusaka. Abavurwa cane akaba ari ba Musitanteri b’ico gihe. Aba jereri bamwe bakoreshejwe baremeye kubwira CVR ivyabaye, hari n’abatinye kuvuga ivyo bakoze abandi barabesha.

Hari ibintu bidasanzwe CVR yumviye i Mwaro.

Nkuko bishikirizwa n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR  Pierre Claver Ndayicariye,  hari ibintu bidasanzwe  uwo murwi wumvise mu ntara ya Mwaro.

  1. Imigano yo kwica abahutu bahagaritswe bitwa abamenja yaje iva mu Mugamba, ikazanwa n’imiduga iherekejwe na Musitanteri Nyambere Damas yararongoye Komine ya Rumonge. Ngo hari n’akaririmbo karirimbwa ngo:

“Umugano warakoreye umugambwe mu Mugamba, Micombero aragahora ku ngoma”.  

2. Musitanteri wa Bisoro w’ico gihe aravugwa cane mu bwicanyi hamwe ni kunyaga ibitungwa n’amatongo n’ibindi.

3. Musitanteri wa Komine Kayokwe aravugwa ko hari ivyiza yakoze cane cane mu gukingira Musitanteri wa Komine Nyabihanga yitanze kugira abahutu n’abatutsi b’ikomine arongoye ntibacanemwo.

 Nko muzindi ntara, ubwicanyi bwo mu 1972 bwakozwe n’abarongoye intwaro. Abenshi bakaba babanza ku bapfungira mu mabohero  ya zone Makamba yo muri Komine Rusaka ariho hatowe ibinogo 7. Hamwe n’i Gitara i Gisozi muri Komine Bisoro ya kera ariho hatowe ibinogo vyinshi 9. Komine kayokwe hatowe ibinogo 2.

Buramatari w’intara ya Muramvya arasaba ko umurwi CVR wokwongera ikiringo ku matohoza yimbitse no kugira ibibanza vyose biheturwe.

Ubutumwa  bwa CVR

 Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi CVR yasavye ibintu 3 nyamukuru: 

1. Ntihazogire n’umwe avuga ko umurwi CVR uriko uzura akaboze , uwuzobivuga azoba ariko akomeretsa imitima y’impfuvyi n’abapfakazi babuze .

2. Abakoze ubwicanyi bakiriho , bogira  intambwe nshasha bagasaba ikigongwe igihugu, bagasaba imiryango yabuze , bakongera bagasaba ikigongwe Imana.  ” birababaje kubona hariho abasezera isi badasavye ikigongwe Imana kandi iyo bagisaba bari gusezera isi mu mahoro.

3. Imiryango yabuze basabwa gutera intambwe   bakarekurira ababakoreye ikibi. Uwakorewe ikibi biroroshe gutanga ikigongwe .

Sabine NTAKARUTIMANA , icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, ari nawe yateye iteka ibirori mu ntara ya Muramvya yavuze ko ikibaje ari uko abishwe bari abanyagihugu basanzwe badaharanira inyungu za poritike.

Yongeyeko ko abantu bomenya ko CVR itajejwe gucira urubanza abakoze ibibi, ahubwo ijejwe kumenya ukuri no kunywanisha barundi. Avuga kandi ko inama nshingamateka ishigikiye ko umurwi CVR ukora ibikorwa vyawo mu bwigenge bwose kugira ukuri kwikwiye kuboneke yongera atera akamo abagize uruhara mu mabi yakozwe mu Burundi ko bokwigaya bagasaba imbabazi , ya mivumo itera Uburundi ihagarare kuko ahari ikigongwe huzura imigisha.