Reta yipfuza kugira Yubile yo kurekuriranira, inyuma y’imyaka 50 habaye ubwicanyi bwo 1972

Umugwi CVR wari uramutse utunganya, kuri uyu wa 7 Nyakanga, igisabisho mpuzamadini co gusabira abishwe mu mwaka w’1972 mu gisagara ca Bujumbura. Ico gisabisho kandi ninaco kirangiza vy’imfatakibanza ibikorwa vy’umugwi ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR,  ku murwa mukuru w’ubutunzi. Yaba icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka yateye iteka ibirori ku ruhande rwa Reta, yaba umukuru w’uwo mugwi, bompi bahamagarira abakoze ubwicanyi gusaba imbabazi, ndetse bakazisaba abarundi bose. Aho ni mugihe ababuze ababo nabo basabwa kubarekurira.

Aya magume twaciyemwo yo mu mwaka w’1972 yatanguye neza na neza iterike 29 Ndamukiza 1972. Imyaka 50 igira irangire, tutaramenya: mbega ibi vyatubayeko vyazananye he? Vyagirwa na bande? Vyadutwaye iki? Tukagera n’igihe tubifata nk’uko umengo ni ibintu bisanzwe, abeneguhugu barahonye.” Bishikirizwa na Cyriaque Nshimirimana icegera ca kabiri c’uwurongoye inama nkenguzamateka.

Uwo ari mu barongoye inama nkeguzamateka akavuga ko ubwo bwicanyi butofatwa nk’akantu gasanzwe kandi abarundi barahonye. Agasigura ko ari naco gituma inzego z’igihugu ndetse n’ibwirizwa rishiraho umugwi ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha Abarundi,  risaba kwita izina ribereye ayo mabi twaciyemwo.

Cyriaque Nshimirimana, asaba umugwi gusimbiza kugira hamenyekane izina ribereye ubwo bwicanyi. ” Ninaho turonse izina ribereye amabi twaciyemwo, tuzomenya tuti mbega Abarundi twokandwa gute, kuko twamenye neza aho turwaye.”

Yubile si iy’ineza gusa.

“Imyaka 50 igira igere. Hasigaye amezi umunani gusa. Abantu barahonye, kakaba akamizwe n’ingoma. None ko imyaka 50 ari Yubile, tuzogira Yubile yitwa ngw’iki ? Aha rero nashaka mvuge nti Yubile igihe cose si ukwigina. Twibuke ivyatugoye, twibuke aba benewacu bagandaguwe batagiye kwiba. Twibuke aba benewacu bagandaguwe batari ku rugamba rw’igihuhu. Twumve ko  twese bitubabaje. Twumve ko twese bitubabaje,  hanyuma tubisabire imbabazi ku Mana, iturekurire.  Ninaco gituma itarike 29 z’ukwezi kwa kane 2022 zoshika tugira Yubile yo kurekuriranira mu Burundi. “

Gusaba imbabazi no kuzitanga bibohora imitima

 Cyriaque Nshimirimana,  asaba Ababakoze ubwicanyi kwubahuka gusaba imbabazi abo biciye ababo. Avuga ati: ” Burya iyo usavye imbabazi, wewe nyene uba wibohoye. “

Yongera ko yuko mu gihe abo biciye ababo batakibamenya, bosaba imbabazi abarundi kuko abapfuye ari abarundi. Agasaba abo bakoze ayo mabi kutagira ubwoba bw’uko bohava babacira igihano co gupfa kuko nabo bishe. « Uretse ko turi mu butungane bunywanisha, n’igihano co gupfa mu Burundi carakuwe. Eka noneho rero twipfuza ko Abarundi banywana koko. Si ibihano vyohava bija imbere kuko n’ubundi naho womuhana, umwe yapfuye ntagaruka. »

Uwo yaserukiye Reta y’Uburundi, abasaba ababuze kugira umutima wo kurekurira ababagiriye nabi. Yibutsa ko ubwoko butica ahubwo hica intwaro mbi. ” Nta Batusti  bagiye hamwe ngo tugire inama tuje  kwica Abahutu. Nta Bahutu bagiye hamwe  ngo tugire inama  twice Abatutsi. Ivyo twagiyemwo, twabikwegewemwo n’ubutegetsi bubi bwariho ico gihe.”

Hagiye gutangwa umwanya wo gusaba ikigongwe

Pierre Claver Ndayicariye arongoye umugwi CVR,  nawe nyene atera akamo abarundi gusaba ikigongwe abo biciye. Nk’uko  uwo mugwi uherutse kubibona ukongera ukavyiyumvira muri Paruwase Katorika ya Ruyigi muri Komine Rusengo, harabaye abasaba ikigongwe n’abaha ikigongwe ababiciye. ” Ababuze bavuze bati turabagiriye ikigongwe, ntitwari tuzi ko ari mwebwe mwatwiciye. Ababuze babishuye bati turabahaye ikigongwe ariko tubatumye kuja kwigisha amahoro, umubano mwiza mu bantu.”

Ico  gikorwa cakozwe n’abengihugu bo mu Ruyigi, umugwi CVR ukakibona  nk’urugendo rushasha rw’abarundi bigora bagasaba ikigongwe ku bibi bakoze vy’ukwica, n’urugendo rushasha kandi ku babuze nabo batanga ikigongwe ku bibi bakorewe vyo kwicirwa ababo. Agasigura ko bagiye kwinjira mu mwanya w’uko abishe bazosaba ku mugaragaro ikigongwe nayo abiciwe bakagitanga, iciswe mu gifaransa:” Demande public de pardon.”

Inyuma yo kurangiza ibikorwa vyawo vy’indwi  zababa 3( kuva 27/07-14/08/2021) zari zitegekanijwe hamwe n’izindi ndwi 2 ziyongeyeko kumvo z’ibikorwa vyinshi mu gisagara ca Bujumbura, umugwi CVR ukaba ugiye kubandaniriza ibikorwa vyawo mu ntara za Muramvya na Mwaro. Ibikorwa vyatanguye kuva ku wa 06 Nyakanga nk’uko uwurongoye uwo mugwi abisigura.