Guhindura ivyiyumviro: inyishu yambere mu kurwanya ubushomeri

Ukwiga amashure ukabura akazi, nivyo biriko birashikira urwaruka rwinshi ruheza amashure muri kino gihe. Abahinga mu bijanye n’inyifato bamenyesha ko  igihe umuntu ataronse  akazi nkuko yaravyiteze  bishobora gutera ingaruka nyinshi harimwo no kugira ihungabana ryo mu mutwe.  Muri APSM Mpagaciro, ishirahamwe ry’urwaruka rwize ibijanye n’inyifato bagira bati umuti w’iyo ngorane uriho. Urwaruka  niyo rwahindura  ivyiyumviro n’ingendo, ntakibuza ko bazorwanya ubushomeri bonyene.

Mariko*  ni umusore  amaze imyaka itatu ahejeje kaminuza. Asanzwe aba mu gisagara ca Bujumbura.  Muri iyo myaka yose yararondeye akazi ka Reta arahebura. Ariko yaragize amahirwe yo kuronka  umuntu amwizigira amuha  akazi  ko kumukurikiranira akabare  kiwe kandi arahembwa neza.  Ariko igitangaje, Mariko umubajije akazi akora akubwira ko ari umushomeri.

Violette Kezakimana, umuhinga mu bijanye n’vyinyifato akaba ari  umunywanyi  w’ishirahamwe APSM  Mpagaciro avuga ko urwaruka rwinshi rugifise  ivyiyumviro nk’ivyo vya  Mariko.

« Aho nyene niho urwaruke rukeneye guhindurira ivyiyumviro. Ntivyumvikana ingene umuntu afise aho akora yobandanya avuga ko ashomereye kandi ahembwa. Urwaruka rukwiye kumenya ko akazi kadatangwa na Reta gusa. Mugihe uriko wikorera ivyiwawe canke urko ukorera uwundi, muri ico gihe, ntuba uri umushomeri” Niko Kezakimana avuga.

Kubura akazi  n’ingaruka zavyo.

Mugihe uhejeje ishure ariko ukabura akazi, ingaruka ntizibura. Haba Kuri nyene gushomera canke no mu kibano. Abahinga mu bijanye n’inyifato mbere bavuga ko bishika zikaba mbi zigatuma n’umuntu agira ihungabana ryo mumutwe( traumatisme).

Kwizera Noël arongoye APSM-Mpagaciro avuga ko abanyeshure benshi biga batabona iyo bazoja. Baba bashize mu mutwe ko bahejeje bazoronka ubuzi bwiza bwiza, bujanye n’ivyo bigiye, bwo gukorera mu biro gusa. Iyo bahejeje rero bakabura bwa buzi, baca basa n’uwuguye mu kinogo batari biteguriye.  Niho rero haheza hakava ico kijanye n’ihungabana ryo mumutwe (traumatisme).

Violette Kezakimana asigura ko hagera aho uwo muntu atangura kwisuzugura, no mukibano bagatangura kumusuzugura. Kubera ko bimwe yigiye adashoboye kuronka aho abikorera, asigara abona ko ataco akimaze.

«  Kubera uba warumenyereye kuja kwishure, iyo ryaheze, za n’inguvu ziragabanuka. utangura kwirirwa aryamye, ugacika intege, , ivyiyumviro bigahinduka, ukabura itiro, n’ibindi. Muri uko kubura itiro n’ivyiyumviro vyinshi, haraheza hagaca havyuka kuja kurondera  inzoga canke ibiyayuramutwe vyogufasha kuronka itiro canke kwiyibagiza ingorane arimwo. »

Uwo muhinga abandanya avuga ko ivyo biyayuramutwe navyo bishobora gukwega izindi ngaruka: akabonge, kwama aguwe nabi mugihe atabironse n’ibindi. Avuga ko n’ubukene bushobora kwiyongera kuko ivyo vyose ategerezwa kubigura amahera. Iyo atayafise, bimukwegera mu busuma.

Guhindura ivyiyumviro n’ingendo ni kimwe cofasha urwaruka mu kwirinda ubushomeri.

Kugirango vyose bihinduke, Kwizera Noël  abona ko umuti nyawo ari uko urwaruka rutegerezwa kubanza  guhindura ivyiyumviro n’ingendo.

Akamaro ko guhindura ivyiyumviro (Changement de mentalité) ngo bituma atangura kwiyumvira ubundi buryo yoshobora guhangana n’ibibazo vyiwe atarinze kuraba abandi. Akarorero atanga ni kuri bo nyene.

« Kugirango ishirahamwe APSM Mpagaciro rivuke, twaragiye hamwe, dutanguza ivyiyumviro maze biraja mu ngiro kandi ata mutahe canke imfashanyo ivuye inyuma. Uyu munsi  hakuja gusaba akazi, hageze aho n’abandi baza ngo tukabahe. » 

Intambuko nyamukuru zofasha urwaruka kuva muri ivyo bibazo.

Jean Noël amenyesha ko kurwanya ubushomeri bishoboka cane bihereye mu guhindura ivyiyumviro n’ingendo.  Ivyo vyose bishoboka mu ntambuko 5.

1. Icambere kugira urwaruka rushobore guhangana n’kibazo c’ubushomeri ari ukumenya ingabirano asanganywe.

2. Kumenya inguvu ziwe.

3. Kumenya ingene abikoresha.

4. Gutsinda ubwoba.

Uwo muhinga amenyesha ko ubwoba ari ikintu kibi cane. Iyo ufise ubwoba  bwo gukora ikintu kanaka canke bwo gutangura umugambi ubona woguteza imbere uba utarashika kurwego rwo guhinduka.

5. Kumenya kujana n’ibihe.

Urwaruka ngo rutegerezwa kumenya ko turi mu kinjana ca 21 kirimwo impinduka nyinshi hanyuma ibihe rurimwo maze rukajana navyo. « Nimba ejo umuntu yaraheza amashure agashika aronka akazi muri Reta, ni uko abakozi bari bakenewe cane.  Uyu munsi naho, urwaruka rutegerezwa kumenya ingene rwokwiyungunganya kuko twese nti twoherera gukorera Reta.

Mbega guhindura ivyiyumviro biroroshe?

Noël Kwizera abona ko atari igikorwa coroshe kuko urwaruka rwamaze kurwa mukinogo rutari rwiteguriye.

« Ntivyoroshe kuko biraboneka ko urwaruka rwamaze kurwa mu ngorane. Hari n’abageze aho babona ko diplôme ataco ikimaze. Ni muri iyo nzira muri APSM twashimye gushira inguvu nyinshi mu bijanye n’inyigisho ku bijanye no guhindura ivyiyumviro n’ingendo ku rwaruka . Iyo bamaze ku bona ko bari mu ngorane n’inyishu iroroha kuboneka.

Violette Kezakimana  aramwunganira ati : « Kugira babivemwo, ni uko botangura guhindura ivyiyumviro. Nko muri iki gihe ubuzi bukenye,  urwaruka ruta amakosa cane ku gihugu. Ariko kubona twarize, vyari bikwiye ko tumenya ko igihugu kitariho kugira kidufashe gusa, ahubwo hageze aho natwe dukora tukagifasha. » 

Abo bahinga bagasaba  ko  urwaruka rubanza kwerekana ico rushoboye. Rugakura amaboko mu mpuzu rugakora. Reta nayo igaheza ikabashigikira mu migambi yabo. Ikindi ngo  yofasha cane mu bijanye n’inyigisho zo guhindura ivyiyumviro kuko imbere yuko bashika kuntambwe yo gukora imigambi yabo, bategerezwa kubanza kubitahura.