Ubworozi bw’inzuki, igisata kititaweho kandi  cofasha mu kwiteza imbere  

Urwaruka ntirurijukira cane igisata co kworora inzuki. Ivyo biruko mu gihe igenekerezo rya 20 rusama, amakungu ahimbaza umusi wahariwe inzuki.  Uno mwaka, ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko  vyawuhimbarije mu gisagara ca Nakuru muri Kenya. Hakaba hari hateguwe ihayanisha-gurisha ry’ibihingurwa  mu biva muvyakozwe n’inzuki kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika ku rya 20 rusama 2022.  Abarundi  nabo nyene ntibatanzwe muri ryo. Uyu musi twashimye kugaruka ku buzima bw’abavumbi b’abarundi hamwe n’ingene bariko bariteza imbere biciye mu mwuga wo kwegeka.

Aloys NDAYINZAMASO aserukira coopérative Burundian beekeepers Zidutunge. Bakaba basanzwe bakora ibijanye n’ubworozi bw’inzuki no guhingura ibivuye muvyo inzuki zakoze. Ni umwe kandi mu barundi baserukiye abandi bavumbi muri rya hayanisha gurisha ryabereye I Nakuru muri Kenya ku va igenekerezo rya 18 gushika ku rya 20. Kuri we, umusi mukuru wahariwe inzuki ngo ni ntangere ku buzima bwabo.  “Uwu munsi utwibutsa umwuga w’abasokuru. Utwibutsa ko ubuki cari ikintu gikomeye cane igihe c’abami eka no ku manza zikomeye.”

Kubwa            Gervais Katiyunguruza, arongoye ishirahamwe AKI (Akuki Kuka Inka), iryo naryo rikaba rihingura ibinyobwa bimeze nk’umuvinyu hakoreshejwe ubuki, naryo nyene ryari ryaserukiwe muri iryo hayanshwa,  avuga ko uwo munsi ukwiye kwibutsa abantu kubungabunga no gukingira  inzuki kuko zisanzwe zifitiye akamaro kanini abantu, ubona ko ubuki zikora bufise kadasanzwe haba ku babwihereza canke abihereza ibindi bibuhingurwamwo.

Aloys NDAYINZAMASO avuga ko inzuki  zibafitiye akamaro kanini cane nico gituma  bazihaye n’umusi wazo.  “Zidufitiye akamaro kanini.  Hamwe zihonye zose inyuma y’imyaka mike n’abantu bohona kuko imiti hamwe n’ukurondoka kw’ibiterwa tubikesha inzuki.”

Ibihingurwa mu vyakozwe n’inzuki bituma biteza imbere

Aloys avuga ko hambavu y’ivyo, bahingura ibintu bitandukanye kandi bibafasha kubaho no kwiteza imbere. “Ivyo duhingura muvyakozwe n’inzuki ni inzoga canke umutobe, ishashara, urugangi, ivyo kwisiga n’ibindi. Turaheza tukabigurisha amahera adufasha kwiteza imbere mu miryango no kwibeshaho”.

Igisata c’ubworozi bw’inzu kigihanzwe n’ingorane

Naho biri uko, ico gisata c’ubworozi bw’inzuki ngo nticitaweho cane nk’ibindi nk’uko uwo muvubi abandanya abivuga.  Amenyesha ko abakiri bato batacijukira cane kuko abenshi bawukora ari abatama. Avuga ko yamara igituma batawijukira ari kubera atabuserukizi bw’aborozi b’inzuki buhari. Ikindi abona ni uko n’ababikora benshi batize ngo baje gusuma ubwenge hanze.

Uretse ivyo, n’ibikoresho ngo ntibihagije. “Ibikoresho biratugora cane kuko nk’ivyo dutekeramwo biva hanze yigihugu.  Rero bica bidusaba uburyo bwinshi.”, Niko NDAYINZAMASO avuga.

Ugereranije n’iyindi myuga, umwuga wo kwegeka ngo uracari inyuma. Uwo muvumbi agasaba ko abawukora boshigikirwa.  “Umuvumbi ntakwo yifashe ugereranije n’abandi bakora iyindi myuga, Umuvumbi aracari inyuma cane gose. Akeneye gushigikirwa kuko arafasha na canecane mu gukingira ibidukikije.”

Kugirango ico gisata gitere imbere Ndayinzamaso abona ko ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ubworozi bwofasha cane mu kuronsa ibikoresho vyabigenewe aborozi b’inzuki.  Hanyuma aborozi nabo bakaja hamwe kugirango bakorere mu runani mbere bishoboke n’ukubaronderera isoko, gukarihirizwa ubwenge n’ibindi. Ntiyibagiye gusaba ko hojaho ishure ryigisha ubworozi bw’inzuki no guhingura ibiva muvyo inzuki zitanga.