Indahiro: Indirimbo ya Pierre Nkurikiye yakoze ku barundi baba hanze

Inyuma yo kwumva indirimbo “Indahiro” yanditswe n’umuririmvyi Pierre Nkurikiye afadikanije n’umwigeme Arlette, bamwe mu barundi baba hanze y’igihugu barakozweko cane n’ubutumwa buri muri yo bituma bamurungikira ubutumwa bwo kumukeza no kumutera intege.

Hari neza na neza kuri uyu wa 19 Myandagaro 2022, mu nyubakwa za Cercles de la Police Nationale du Burundi mu Ngagara aho uwarungikanywe ubutumwa Pierre Gikonjo asanzwe aba mu gihugu ca Canada yashikanira ubwo butumwa abo baririmvyi.

Gikonjo yagize ati: ” Indirimbo yanyu irimwo amajambo y’inkoramutima atari uwariwe wese yopfa kuyitahura. Tumaze kuyisigurirwa neza n’umuhinga Patrice Ntafatiro, twavuze duti, iyindirombo ni nziza cane. Aba baririmvyi bacu ntibotamba birorera arico gituma tuje kubatera intege twongera tubamenyesha ko indirimbo Indahiro yadukoze Ku mutima. Ico tubasavye ni uko mwobandanya mukora indirimbo nk’ izo.
Uwo murundi aba hanze akaba yari yitwaje akabahasha yarungikanywe na bagenziwe.

Pierre Nkurikiye abenshi bazi kw’izina ry’uburirimvyi N.Peter canke Cinjire akaba yarakengurutse cane uwo mutima wo gukunda igihugu abo barundi baba hanze berekanye. Agira ati ” Abarundi baba hanze turazi ko atari bose bakunda igihugu”. Avuga ko ari iryambere abibonye akizeza abakunzi biwe ko bimuteye intege bikazotuma akora gusumba .

Avuga ko bakiyikora batari bazi ko izokora Ku mutima abantu benshi ubona ko itarakorerwa amasananu.

Pierre Nkurikiye akaba yaciye yemera ko kubera izo ntege bamuteye bagiye kwihutira kuyikorera amasanamu maze bayishire kuri “Gihûri” ( YouTube), maze abantu benshi bayibone.

Indirimbo Indahiro, Pierre NKURIKIYE asanzwe ari umuvugizi w’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo umutekano, amenyesha ko yayanditse mu mwaka wa 2018 inyuma yo kubona ivyabaye mu 2015. Ico gihe avuga ko bamwe mu bajejwe umutekano bakoze ibinyuranye n’amategeko, birengagiza kandi n’indahiro bari bararahiye.
Yongerako ko ari indirimbo yibutsa abarundi bose kwitangira igihugu cabo bakakirwanira, mbere n’ukucigura bakacigura nk’uko hari abarundi b’intwari bitangiye Uburundi kuva ku ntwaro ya cami.