Abarundi boba bazi amahangiro mpuzamakungu y’ iterambere rirama?

Mu bijanye no kumenya hamwe no gushira mu ngiro ayo mahangiro 17 ajanye n’ iterambere rirama, ntanumwe akwiye gusigara inyuma yaba urwaruka canke abakuze. Bimenyeshwa n’ishirahamwe ISHAKA 2250 mu gikorwa ryatunganije mu ntumbero yo gusigurira urwaruka ibijanye n ‘iryo hangiro isi yose yihaye n ‘Uburundi butavuyemwo, hari ku muhingamo w’ uno wa gatatu igenekerezo rya 7/7/2021 ku kigo kijejwe kumenyesha amakuru c’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Bujumbura.

Audry Rusangwa, aserukiraishirahamwe Ishaka 2250, bahisemwo gushira imbere urwaruka kuko aribo benshi mu gihugu kandi aribo Kazoza k’ igihugu kugira hazogere muri 2030 izo ntumbero zararanguwe.

Haracakenewe inguvu kugira ayo mahangira amenyekane mu barundi

Ntwari Bright ni umunyeshure wo mu yisumbuye mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ ubutunzi ati: «Aho mba ni mu Gasekebuye iri muri zone Musaga ntumbero isi yihaye Iwacu ntizizwi!» Arongera ati: ” Ndatangara mbere kuko n’ abize za kaminuza nsanga atavyo bazi “. Kubw’ uyo muyabaga nkuko Reta ariyo itunganya vyose, irakwiye gufasha kugira abantu bose bamenye ivyo ari vyo ayo mahangiro hamwe n’ ivyiza vyayo.

None izo ntumbero ni izihe?

Zose hamwe ni 17:

• Gutuza ubukene;

• Kurandurana n’ imizi inzara;

• Amagara meza kuri bose ;

• Inyigisho z’ akanovera;

• Ukungana kw’ ibitsina;

• Amazi meza n’ isuku kuri bose; Amasoko ntanganguvu kuri bose ;

•Ubuzi n’ iterambere rya bose;

•Ihinyanyurwa ry’ inyubako n’ amahinguriro ;

• Kugabanya ubusumbasumbane ;

•Ibisagara bitaga( vyagutse) ;

• Kubungabunga umwimbu ;

• Kurwanya ihindagurika ry’ ibihe;

•Gukingira ibinyabuzima vyo mu mazi ;

• Gukingira ibinyabuzima vyo kw’ isi;

•Amahoro,ubutungane n’ inzego zirashe;

• Gufashanya mu gushika ku ntumbero.

Mu gufasha kugira uburundi buzoshike muri 2030 bwarashitse kuri iryo hangiro, Rusangwa asigura ko uko imisi 100 iheze ishaka2250 rihuza imigwi y ‘ abantu itandukanye mu bikorwa vyo kubakaburira ubumenyi haba mu gisagara canke mu gihugu hagati.

Twibutse ko ayo mahangiro y’ iterambere rirama yatowe n’ ibihugu 193 bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Nyakanga 2015 rikaba ryihaye ihangiro ryuko hogera muri 2030 yarashizwe mu ngiro.