Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bubandanya gushigikirwa

Imfashanyo igizwe n’imiti ya Malaria hamwe n’imisegetera vyose hamwe bifise agaciro k’amafaranga y’amarundi arenga imiriyoni 614 ni vyo vyatanzwe n’ishirahamwe UNICEF Burundi . Uwuserukira UNICEF mu Burundi, John Egbe Agbor, akavuga ko gukurikirana abarwayi neza kandi hakiri kare, hamwe no kuryama mu musegetera urimwo umuti wica imibu ari uburyo bubiri bwiza bwo kurwanya indwara ya Malaria.

Ubushikiranganji bukaba bwakiriye kandi imfashanyo igizwe n’ibikoresho bifasha abarwaye indwara ya Covid19 buhawe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS Burundi . Uwuserukira OMS mu Burundi, Dr Xavier Crespin, akaba ashimishwa n’ingene ababijejwe bakurikirana abarwayi b’ico kiza mu Burundi. Akavuga ko ishirahamwe OMS rizokwama rifasha kugira abarundi bagire amagara meza.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA , Thadée Ndikumana akaba yashimye izo ngabire zompi uko ari zibiri. Akavuga ko iyo miti yatanzwe na UNICEF izofasha abana bari musi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibungeze. Imisegetera nayonyene ikaba izoronswa abakenyezi bibungeze nk’uko uwo mushikiranganji abandanya abishikiriza.Izo ngabire bakaba bazironkejwe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 26 Rusama 2021. Hari mu kigo kijejwe kubika imiti CAMEBU kiri mu Ngagara.