Giheta (Gitega): ibikurubikuru Maison du Fermier iriko yigisha urwaruka

IMG-20211018-WA0126

 Kuva kuwa 11 gitugutu, urwaruka rwo muri komine Giheta ruriko ruraronswa inyigisho zijanye n’uburimyi n’ubworozi. Izo nyigisho ziriko zitangirwa ku mutumba Kibogoye. Ni muri iyo komine nyene ya Giheta, mu ntara ya Gitega (umurwa mukuru wa politike). Ikigo Maison du fermier kiriko kirazitanga kivuga ko bazohabwa inyigisho ku bijanye n’ubworozi bw’ibitungwa bitandukanye. Uburimyi ntibuzosigwa inyuma kuko ivyo bisata ari magiriranire.

Urwo rwaruka rusanzwe ruri mu ma koperative yo muri komine Giheta. Rwahisemwo kwiga ibijanye n’ubworozi, hamwe no kurima ibiterwa bitandukanye. Aho ni kugira ngo rwitunganirize imigambi vyoroshe, rufise umushinge.


I. Ubworozi bw’amafi


Ubworozi bw’amafi bukorerwa ku misozi, ni bwo bwatumye ahanini ikigo Maison du Fermier kimenyekana. Wilbert Dusabe arongoye ico kigo amenyesha ko ashobora kwimbura amatoni arenga atatu y’amafi. Ayo mafia ri mu binogo bitunganijwe neza kugira ngo yororwe neza. Aha ku masanamu, hariko hegeranywa imivyaro y’amafi kugira ngo ice ishirwa mu binogo.

II. Ubworozi bw’ingurube


Hari amakosha amwe amwe akorwa mu bworozi bw’ingurube nk’uko bisigurwa na Wilbert Dusabe, arongoye Maison du Fermier, ikigo kiriko kiratanga inyigisho ku rwaruka.


Agira ati « Ushobora gusanga ku mutumba muzima hari impfizi imwe gusa. Iyo ni na yo abatunze ingurube bose babangurirako kuri uwo mutumba. Zimaze gukura, izo ngurube zayivutseko zigarukanwa kubangurirwa kuri iyo nyene, can ke zikabangurirana hagati yazo. Icumvikana, ni uko uba ari umuryango umwe uriko uravyaranako ».

Wilbert Dusabe asigura ko ari na co gituma hagera igihe hakavuka ingrube z’amagara make, izo bita impfunya mu kirundi. Usanaga ari ubugurube butigera bukura neza. Ivyo biribonekeza kandi no ku bitungwa bindi, mu gihe umworozi asamaye nta menye ukwo abitunganya. Ivyo rero, biri mu vyo urwaruka rwo muri komine Giheta ruriko rurigishwa. Intumbero ni ukugira ngo nibakora imigambi yo kworora, babikore neza bitagoranye kandi bibagirire akamaro.

III. Ubworozi bw’inkoko


Abenshi mu rwaruka barahurumbira cane ubworozi bw’inkoko. Zirunguka, ariko na zo nyene bisaba ko buba ari ubwoko bwiza. Birasaba kumenya uko zirindwa imbeho, uko zishobora kuronka ubushuhe hdakoreshejwe umuyagankuba. Muri Maison du Fermier, ibi biri mu biriko bishimikirwako, ku gira ngo urwo rwaruka rukore ivyo rutahura.

IV. Uburimyi


Ubworozi bujana n’uburimyi. Ntushobora kworora neza mu gihe utariko urakora neza mu gisata c’uburimyi Ni co kimwe n’uburimyi. Ku gira ngo bukorwe neza, ubwirizwa kuba uriko uranorora, ku girango uronke ifumbire. Ku bwa Wilbert Dusabe, ivyo bisata bibiri ni magiriranire.

Muri izi nyigisho, urwo rwaruka ruranigishwa kworora muri ubwo buryo bwa kijambere.

Urwaruka 124 ni bo bagize umuce wa mbere w’abaronswa izo nyigisho. Zitangwa n’ikigo citaho uburimyi n’ubworozi Maison du Fermier, gifadikanije na PAEEJ (Programme d’Autonomisation Economique et L’Emploi des Jeunes). Izo nyigisho zizotangwa kugeza ku wa kane munyonyo 2021.