Muyinga: umukenyezi aribera intambamyi we nyene

Ugutera intambwe ngo baje mu bibanza bashobora gufata ingingo ngo bama babifisemwo inyota. Ariko ngo ntivyoroshe namba. Barahura n’ingorane. Abakenyezi bari muri Nawe Nuze basigura ko mu ntambamyi bagira, n’abakenyezi bene wabo barimwo.

Abakenyezi bo mu ntara ya Muyinga bavuga ko bahura n’intambamyi zitari nke igihe baba bagomvye guhaguruka ngo bitoze nko mu nzego zifata ingingo.

Zimwe mu ngorane bahura nazo, hariho :

Ukutemerana hagati yabo: umwe mu bakenyezi bo muri iyo ntara asigura ko nk’igihe bagomvye kwitoza, bariko bariyamamaza abandi bakenyezi babasuzugura. Ugasanga bavuga bati ntitwotora umukenyezi abagabo bahari. Ivyo rero ngo biratuma vya bibanza batabishikamwo cane uko bipfuza.

Ukutamenya gusoma n’ukwandika: Iki ngo na co nyene ni intambamyi ikomeye. Iyo bariko bagomba nko gutora, umukenyezi yari yipfuza gutora ariko atazi kwandika, bamwandikira ibitari vyo. Gutyo, wa mukenyezi yari gutorwa akaba arabuze ijwi.

Kudatahura mu kibano no mu miryango: Hari abakenyezi bamwe bamwe iyo bashitse mu mabanga baca batibuka bamwe bahorana. Abandi nabo bakitwara nabi mu miryango.
Buramatari w’intara ya Muyinga arabahanura, akabasaba kwisubirako.

Mu nyigisho Glid yatunganije kuri uwu wa gatanu ifashwe mu mu gongo na CARE International Burundi , mu mugambi GEWEPIII, umwe mu bakozi b’Imana yari yifadikanije na bo yasavye ko ihimiriza rikorwa kugira ngo abakenyezi babe imboneza ryokorwa ku bakenyezi hamwe n’abo bubakanye. Ivyo ngo vyogira akamaro kuko urugo ari babiri.

N’aho biri uko harimwo abagerageje gutera intambwe. Abo ni nk’abashingamateka n’abakenguzamateka batowe mu ntara ya Muyinga ari abakenyezi. Baratera intege abo bandi. Bakabasaba ko boshishikara kuko akagumye bagumako.