Muyinga: nawe nuze yarahinduye ubuzima bw’umukenyezi mwirimizi

Kuva Nawe nuze ya Care international iriko irakorera mu ntara ya Muyinga, abakenyezi birimizi baramaze kugira ico bimariye cane cane mu kwisununura mu vy’ubutunzi. Buramatari w’iyo ntara aravyemeza. Ahanura abagabo kutaboha abakenyezi babo, ariko kandi agasaba abakenyezi nabo kutarengera abagabo abo bubakanye mu gihe bateye intambwe.

Ivy’uko hari akarusho vyemezwa na Jean Claude Barutwanayo, buramatari w’intara ya Muyinga . Avuga ko kuva ico gikorwa gitangujwe na CARE International Burundi muri iyo ntara, hari abakenyezi b’abirimizi bisununuye mu bijanye n’ubutunzi. Ico naco ngo caratumye amwe mu matati yahora mu miryango agabanuka nk’uko uwo arongoye intara ya Muyinga avyemeza.

Vyoba bikunda ko abo bakenyezi birimizi bahaguruka bakitoreza kuja mu nzego?

Uwo arongoye intara ya Muyinga arasaba abagabo bataratahura neza ko umukenyezi yoba mu mboneza ko bokwihanura. Ariko, agahanura n’abakenyezi ko igihe boba bagiye mu nzego batoca bagomba kuganza abo bubakanye.

Mu ntara ya Muyinga vyaratanguye. Nkako, hari abakenyezi batari bake bari mu nama z’amakomine. Ku makomine indwi agize intara, atatu arongowe n’abakenyezi. Ivyo vyose Nawe nuze yarabigizemwo uruhara“. Ni ko Jean Claude Barutwanayo arongoye intara ya Muyinga yemeza.

https://twitter.com/LaNovaBurundi/status/1448988110692433925?s=19

Kuri uwu wa gatanu, intara ya Muyinga ifadikanije n’ishirahamwe GLID mu mugambi waryo GEWEPIII yaratunganije ibiganiro vyo guhanahana ivyiyumviro hagati y’abakenyezi b’imboneza n’abo bakenyezi bari muri Nawe Nuze. Bakaba barahigiye ibitari bike bifatiye ku mpanuro no ku ntahe zagiye ziratangwa.