Inkino: Kugirango Uburundi buronke abanonotsi benshi bisaba kubikorera.

Mu  gihe hasigaye imisi mike ngo hatangure inkino mpuzamakungu zizobera i Tokyo mu gihugu c’ubuyapani, umunonotsi Venuste Niyongabo yigeze guserukira igihugu muri izo nkino abona ko urugero rw’ Uburundi rudashimishije. Mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 20 mukakaro 2021, asaba abarundi guhindura ingendo bamenyere gukorera abanonotsi ibikenewe kugira igihugu kironke benshi.

Venuste Niyongabo,  ni umwe mu banonotsi  b’abarundi babaye rurangiranwa, akaba mbere yarigeze gutahana umudari w’ inzahabu mu nkino z’ i Atlanta mu mwaka w’ 1996.  Avuga ko uburundi bufise abanonotsi beza ariko hari ikibazo mu buhinga.

Asigura ko i Burundi haboneka abakora mu buyobozi bw’ inkino ariko ata bahinga barimwo. Ivyo navyo bigatuma hari ivyo abanonotsi bahahombere. Niyongabo atanga uturorero agira ati : ” Iyo utari umuntu yaciye ku kibuga, ntumenya ingene bategurira urugendo abanonotsi. Hari uburyo butangwa ngo baje hanze kwiga, ivyo ntuheza ngo ubimenye. Arongera kandi ati mugihe ubirimwo utari umumenyereza vy’ ukuri ntushobora kubona umunonotsi afise ingabire yo gushika Kure. Kuri ivyo asaba ko abahinga bohabwa ikibanza cabo.

Muti none vyogenda gute ngo hasubire akanovera?

Venuste amenyesha ko inkino zateye imbere cane cane umupira. Avuga ko ubu uri hose mu gihugu. Asaba abarundi guhindura ivyiyumviro, bamenye ko ubunonotsi nabwo buteza imbere kandi butera iteka igihugu mu makungu.

Imyiteguro yahora ikorwa kera ikwiye gusubizwaho.

Avuga ko iyo hageze ibiruhuko vyo muci, abanonotsi ntibagenda kuguma i muhir.  Avuga ko hariho amakambi yatunganywa n’ubushikiranganji bw’ urwaruka n’ibiro bijejwe indero. Ivyo ngo  vyarafasha cane mu myiteguro y’ abanonotsi.

Mwomenya ko uyo munonotsi yateguye ihiganwa aho intara yose izoserukirwa n’abantu babiri ( umuhungu n’ umukobwa) kandi bakazoronka n’ ubushimwe. Mu ndwi yahariwe abarundi baba mu mahanga.