Mu Burundi hagiye kuza abahinga mu kuvura indwara yo mu kigo bavuye muri Amerika
Angeline NDAYISHIMIYE, umutambukanyi w’ umukuru w’ igihugu c’Uburundi yaratahutse ku mugoroba wo kuri uwu wa 5 ruhuhuma 2023. Yari avuye muri Leta zunze ubumwe za Amerika mu masengesho yama aba buri mwaka, amasengesho yo gusengera ico gihugu. Muri urwo rugendo yahungukiye vyinshi harimwo no kuronka abahinga mu kuvura ingwara yo mukigo bazoza gufasha Uburundi.
Umutambukanyi w’ umukuru w’ igihugu c’Uburundi Angeline Ndayishimiye ashitse ku kibuga c’Indege Mlchior Ndadaye akaba yamenyesheje abamenyeshamakuru ko yanabonanye n’abafasha mu migambi y’ iterambere ry’ igihugu. Bimwe muvyo baganiriye bakaba baremeye gufasha Uburundi mu gisata co gufungura neza hamwe n’amagara y’abantu.
« Nahavuye nganira n’ abandi bantu basanzwe bashigikira imigambi itandukanye mu Burundi, nkaba narashoboye kuyaga n’ igisata gisanzwe kiraba ivyo gufungura neza gisanzwe gikukira ubushikiranganji bw’ uburimyi muri ico gihugu, ico gisata kikaba caciye cemera ko kizotanga amafaranga agera ku miriyoni 29 y’ amadorari y’ Abanyamerika ayo nayo akaba azofasha muri wa mugambi wo gufungurira abana ku mashure, uko niko Umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu Angeline Ndayishimiye yabimenyesheje.
Muri urwo rugendo kandi yarabonanye n’abarundikazi bari mw’ ishirahamwe ry’ Abarundi baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Abo nabo bakaba bahurikiye mw’ ishirahamwe AUZEDEMA. Abo nabo nyene bakaba beremeye ko mu Burundi vuba hagiye kuza abaganga b’ abahinga mu kuvura indwara yo mu kigo kugira ngo bafashe mu kuvura abakenyezi bagwaye iyo ndwara.