Muyinga: insiguro y’ibikoresho vyatowe na CVR mu binogo birimwo ibisigarira vy’abishwe 1972-73

Umurwi CVR (ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha), waratoye ibikoresho bitari bike mu binogo vyatawemwo abishwe mu myaka y’i 1972 n’i 1973. Bimwe vyasangwa hejuru y’ibisigarira vy’abantu. Uko vyatowe ari vyose, birafise insiguro. Twaregereye bamwe mu babibayemwo hamwe n’ababuze ababo muri iyo ntara ya Muyinga (mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi), barabitwiganira. Ivyo batuyagiye birahuye n’ivyegeranijwe n’abo muri CVR.

Amasuka.

Mu murwi CVR basigurako ayo masuka yatorwa hejuru y’ibisigarira vy’abishwe. Bamwe mu bacitse kw’icumu barasigura iyo yavuye:

“Mu 1959, hari impunzi i Kinazi muri komine #Giteranyi. Abo rero bari barahawe amasuka. Ariko ntiyari akomeye cane. Kugira ngo bayabahindurire bayazana kuri komine bagaheza bakaguha iyindi. Ayo masuka niyo bakoresha mu guhohosha canke mu kwica abantu mu 1972. Kubera yaba ariko amaraso, baca bayata hejuru y’ibiziga, bagaheza bagafurira”.

Uturende n’ibindi bikoreresho bimeze nk’inkono

Mu migenzo y’ikirundi abantu benshi bari bafise udukono duto duto.

Mu mwaka wa 1973, niho haduka uruhigi rw’abitwa abarozi (mu makomine ya Mwakiro, Butihinda n’ahandi mu ntara ya Muyinga).
Ubwo bubumbano rero nibwo bafatira ko mu kwita abantu ko ari abarozi, ariko vy’ukuri abo bantu wari umurwi umwe nk’uko bishikirizwa na bamwe mu bashinga intahe banabibona.

Ubuyeye, imishipi, n’ibindi vyo gushaza

“… erega mu bafatwa harimwo abifise, abatunzi, abaciye ubwenge nk’abigisha canke abakozi bo muri komine (akarorero ni Butihinda). Abo rero baba bafise ivyambarwa bigezweho vyo gushaza bitaronkwa na benshi. Ni navyo biboneka aho babataye, mu binogo”, bivugwa n’umwe mu babuze ababo.

Impuzu zitari nke

“Imbere yo kwicwa, bamwe barabambura impuzu, bagasigara mu gahuzu ko munsi. Baca babarabisha kuzuba babagaramitse. N’inzara mu nda, inyota, umuntu hagera ku mugoroba asa n’uwapfuye. Ni naho havuye ijambo :kwereka umukondo ijuru. Baraheza rero bakabahohosha”, bivugwa n’umwe mu ba komiseri ba CVR (Umugwi ujejwe kuvugana ukuri n’ukunywanisha abarundi).

Izo mpunzu rero baraheza bakazizika mu kinogo, hejuru y’ibisigarira vy’abishwe.
Abenshi rero mu bazurwa, baba batawe mu kinogo bari uko Imana yabaremye.